Uko wahagera

Itegeko Rizohana Abatanga Amakuru Adakwiye Guhabwa Abansi ba Zimbabwe


Perezida Zimbabwe Emmerson Mnangagwa
Perezida Zimbabwe Emmerson Mnangagwa

Igihugu ca Zimbabwe carateguye integuro y’itegeko rishobora kuzohana abanyagihugu batanga amakuru adakwiye guhabwa amareta y’abanyamahanga, itegeko rishobora kuzobangamira ubwigenge bw’abantu.

Iyo nteguro y’itegeko yemejwe n’ubushikiranganji bubijejwe kuwa kabiri, inyuma yo kuvuga ko ritazobuza abanyagihugu gukorana n’abanyamahanga mu bikorwa vyabo vya misi yose.

Umushikiranganji wo kumenyeshamakuru, Monica Mutsvangwa, yavuze ko abo iryo tegeko rizohana ari abanyagihugu canke imigwi y’abantu bakorana n’amareta y’abanyamahanga adacana uwaka na Zimbabwe. Yagiriza bo banyamahanga gushira abanyagihugu mu mibabaro no mu bukene no guhungabanya inyungu z’igihugu.

Umusesenguzi wa politike muri Zimbabwe, Alexander Rusero yaneguye iyo nteguro y’itegeko avuga ko rizoba rije gusasira indava intwaro y’igikenye ku banyagihugu.

Reta ya Perezida Emmerson Mnangagwa yagumye yerekana ukutihanganira abatavuga rumwe nawe inyuma y’aho agiriye ku butegetsi mu 2017 asubiriye Robert Mugabe.

Abanyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abaharanira agateka ka muntu bama banyurujwe n’abakekwa kuba mu nzego z’umutekano kandi bagafungwa ubutakigaruka.

Umutegetsi wa reta atashimye ko izina ryiwe rimenyekana yavuze ko iryo tegeko rifise amahirwe manini yo kuzokwemezwa, ariko ntiyatanze igihe rizotangura gushirwa mu ngiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG