Uko wahagera

Pompeo Avuga ko Amasezerano y'Uguhagarika Ingwano muri Libiya ari Ubutwari


Mike Pompeo
Mike Pompeo

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Reta zunze ubumwe za Amerika, Mike Pompeo, avuga ko amasezerano y'uguhagarika ingwano muri Libiya ari intambwe itanga icizere.

Ivyo umushikiranganji Pompeo yabitangaje uno musi ku wa mbere. Yavuze ko amasezerano y’uguhagarika ingwano hagati y’impande zitana mu mitwe muri Libiya ari intambwe yerekana ubutwari bwazo. Yamenyesheje ko abarwanyi bose b’abanyamahanga bari mu gihugu bateregerezwa kuba bahavuye mu kiringo c’imisi 90 hisunzwe ayo masezerano.

Pompeo yashitse ku murwa mukuru w’gihugug c’Ubuhindi, New Delhi, aho yahagaze ubwa mbere mu rugendo arimwo mu karere ka Aziya. Yatangaje ko bikenewe cane ko impande zose zishigikira ukugenda neza kw’iibiganiro vyahagarikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU i Geneve mu Busuwise ku musi wa gatanu urangiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG