Uko wahagera

Lagos muri "Guma mu Rugo" Amasaha 24 Kubera Imyiyerekano


Igice c'igisagara ca Lagos, muri Nijeriya
Igice c'igisagara ca Lagos, muri Nijeriya

Muri Nijeriya, buramatari w’igisagara c’ubutunzi ca Lagos yatangaje ihagarikwa ry’uruja n’uruza rw’abantu amasaha 24 bivanye n’imyiyerekano yiyamiriza ubwicanyi bw’abaporisi yabaye ndanse.

Buramatari, Babajide Sanwo-Olu, yavuze ko abemerewe gusohoka inyuma ya sa kumi z’umutaga ari abakozi ba nkenerwa hamwe n’abatabara.

Inyuma y’imyiyerekano yamaze indwi zitari nke, reta ya Nijeriya, kw’itariki ya 11 z’ukwezi kwa cumi yaremeye gusambura igiporisi kirwanya ubusuma ciyamirijwe n’abanyagihugu.

Ariko abakora imyiyerekano barabandanije mu gihugu cose basaba impinduka ziyaguye ku mikorere y’igiporisi hamwe no kurangiza ingeso yo kurya ibiturire.

Abantu bashika 10 baramaze gupfa kuva iyo myiyerekano igitangura mu ntango z’uku kwezi. Abigaragamvya hamwe n’abaharanira agateka ka muntu barimwo Amnesty Internationale bagirije igiporisi ca Nijeriya gukoresha inguvu zirenze mu bihe vy’imyiyerekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG