Uko wahagera

Tayilande: Imyiyerekano Yiyamiriza Umushikiranganji wa Mbere Irabandanya


Abajejwe umutekano bashwiragiza abakora imyiyerekano i Bangkok muri Thailande
Abajejwe umutekano bashwiragiza abakora imyiyerekano i Bangkok muri Thailande

Muri Tayilande, ibihumbi vy’abanyagihugu babandanije imyiyerekano kuri uyu w’Imana biyamiriza umushikiranganji wa mbere.

Iyo myiyerekano yari irongowe ku bwinshi n’abanyeshure, imaze amezi ane ku murwa mukuru, basaba itanga imihoho ry’umushikiranganji wa mbere, Prayuth Chan-O-Cha, yafashe ubutegetsi muri kudeta mu 2014.

Ikinyamakuru the Bangkok Post candikira muri ico gihugu cavuze ko iyo myiyerekano yabaye kandi no mu bindi bisagara 18.

Prayuth yatahukanye intsinzi mu matora aheruka mu mwaka uheze, ariko abigaragamvya bavuga ko yabayemwo amanyanga kugira perezida atsinde kandi hisunzwe ibwirizwa shingiro ryahinyanyuwe n’abasirikare.

Haruhande yo gusaba ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro, abo banyagihugu basaba kandi ko intwaro ya cami igabanywa ubushobozi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG