Uko wahagera

Abantu 44 Bishwe n'Inzoga Itemewe n'Amategeko muri Turukiya


Inzoga yo muri Turukiya yitwa Raki
Inzoga yo muri Turukiya yitwa Raki

Abantu bashika 44 barapfuye mu kiringo kiri munsi y’indwi inyuma y’aho banywereye inzoga itemewe n’amategeko muri Turukiya, aho abayikora mu mpisho biyongereye kubera amatagisi y’umurengera ku nzoga ziboreza.

Televiziyo TRT ya reta yatangaje kuri uyu wa kabiri ko abo bantu bapfuye kuva kuwa gatanu mu ntara umunani zirimwo na Istanbul, yongera ivuga ko abandi 30 batwawe mu bitaro.

Igiporisi cavuze ko cahagaritse abantu 58 bakekwa gukora inzoga zitemewe n’amategeko.

Kuva reta ya Perezida Recep Tayyip Erdogan igira ku matware y’imico n’imigenzo y’igihugu ishikiriye ku butegetsi muri 2002, igiciro c’inzoga ihingurirwa mu gihugu yitwa raki, caraduze.

Erdogan, wo mw’idini rya kiyisilamu, yamye yagirizwa n’abo batavuga rumwe ko agomba guhindura abanyaturukiya abayisilamu. Yamye arwanya kunywa itabi n’inzoga ziboreza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG