Uko wahagera

Merkel: Amasezerano y'Ubudandaji ya Brexit Akeneye Kwihutishwa


Shanseliye w'Ubudagi, Angela Merkel
Shanseliye w'Ubudagi, Angela Merkel

Shanseliye w’Ubudagi, Angela Merkel yabwiye ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Bulaya ko amasezerano y’ubudandaji n’igihugu c’Ubwongereza cawuvuyemwo, ari ku nyungu za bose. Ariko yangeye ko ivyo bihugu bikwiye kuguma vyiteguye mu gihe ata mwumvikano woshikwako.

Merkel yavuze ivyo kuri uyu wa kabiri igihe yariko ashikiriza ijambo komite z’intara zigize uwo muryango, hifashishijwe uburyo bwa videwo. Yavuze ko ibiganiro n’Ubwongereza bibandanya kandi ko ubumwe bwa Bulaya buzogerageza gupfundika amasezerano n’ico gihugu, ariko ko igihe gisigaye ari gito.

Ubwongereza bwashinze ikiringo ntarengwa co ku mpera z’uyu mwaka ko amasezerano azoba yashitsweko.

Ubwongereza, igihugu kigira gatandatu mu bitunze kw’isi, mu kwezi kwa mbere cabaye ica mbere cidohoye muri uwo muryango. Kuva ico gihe kiracari mu biganiro n’Ubulayi kugira urudandaza ruzobandanye ata nzitizi n’aho bwawuvuyemwo.

Merkel yavuze kandi ko ikiza ca COVID-19 cigishije abanyabulayi ko bakeneraniranye. Yabivuze mu gihe uwo mugabane uriko winjira mu kindi kiringo ibihugu vya Bulaya bitari bike biriko birabona abandura Covid-19 bongera kwiyongera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG