Uko wahagera

Icamamare Cristiano Ronaldo Yaranduye Covid-19


Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Portugal ryavuze ko icamamare mu mupira w’amaguru, Cristiano Ronaldo, yanduye umugera wa Covid-19.

Iryo shirahamwe rivuga ko Ronaldo, asanzwe akinira ikipe y’igihugu ca Portugal, ata bimenyetso vy’uwo mugera agaragaza kandi vyitezwe ko yikumira mu kibanza ca wenyene.

Ronaldo, yaheruka gukina mu rukino rwabahuje n’Ubufaransa kuw’Imana, ntazokina urukino rwo kuwa gatatu n’Ubusuweda i Lisbon.

Gutorwa uwo mugera kwiwe kwatumye ikipe yose iserukira Portugal ipimwa, nkuko iryo shirahamwe ryabivuze. Ryavuze kandi ko ata wundi basanze yaranduye.

Portugal yegetekanya kugira imyimenyerezo isanzwe kuri uyu wa kabiri imbere y’urukino rwo kuwa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG