Uko wahagera

Abashika 18 Bishwe mw'Isanganya n'Itereni muri Tayilande


Abantu hafi 18 bapfuye igihe imodokari barimwo yo mu bwoko bwa bus itembereza bamukerarugendo isekaniye n’itereni mu gatondo ko kuri uyu w’Imana muri Tayilande.

Abategetsi bavuga ko iyo bus yariko ijabuka ibarabara ry’indarayi igihe yagongwa, ku birometero 63 mu buseruko bw’umurwa mukuru, Bangkok. Amakuru yatangajwe n'ibinyamakuru avuga ko iyo tereni yari itwaye abakozi 60 bakorera amahinguriro, ku musigiti w’abo mw’idini rya Buddha. Abantu hafi 30 bakomeretse.

Buramatari w’intara iryo sanganya ryabereyemwo, Maitree Tritilanon, yavuze ko bikwiye kubera akarorero abandi kugira amasanganya nk’ayo yirindwe.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, rivuga ko Tayilande ifise ibitigiri binini vy’amasanganya mu mabarabara kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG