Uko wahagera

Kameruni Iribuka Umwaka Bakoze Ibiganiro vy'Amahoro


Cameroon Crisis
Cameroon Crisis

Igihugu ca Kameruni kuri iyi taliki ya 4 ukwezi kw’icumi cakwije umwaka gitunganije ibiganiro hagati y’abenegihugu vyari bigamije gutorera umuti ikibazo c’abavuga ico ngereza biyonkoye ku gihugu. Uko kwiyonkora kwaciye gushira igihugu mu ntambara imaze guhitana ubuzima bw’abantu hafi 3 000 muri iyo myaka ine.

Abanyekameruni hamwe n’abantu bagiye muri ivyo biganiro bavuga ko ugutana mu mutwe kwabandanije ku buryo ibice bitari bike vy’intara zivugwamwo icongereza zitagira ubutegetsi. Ariko reta ibandanya ivuga ko ivyo biganiro vyabaye ngirakamaro.

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Kameruni, Philemon Yang, avuga ko imirwano yagabanutse ariko ko hakiri abagizi ba nabi bahungabanya umutekano batumbereye guca igihugu mu bice bibiri. Yang avuga ko reta yiteguye gutorera umuti izo ntambara ariko ko itazigera yemera ko Kameruni icikamwo ibice bibiri.

Raporo y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ivuga ko iyo ntambara yatumye abantu barenga 500 000 bataye ingo zabo kuva igitangura mu 2017.

Izo ntambara zatanguye mu 2017 mu ntara zivugwamwo icongereza zatanguye igihe abigisha n’abashingwamanza bakoreye imyiyerekano biyamiriza ivangura bakorerwa n’abavuga igifaransa. Igisirikare caciye gikoresha inguvu mu kubabuza bituma bafata ibirwanisho bavuga ko bariko barikingira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG