Uko wahagera

Reta y'Amerika Yipfuza Kugabanya Impunzi Yakira


Impunzi z'abanyesomaliya mu kambi y'i Kakuma barondera kurungikwa guhabwa ubuhungiro muri Amerika. Kakuma, Kenya. itariki 6/02/2017
Impunzi z'abanyesomaliya mu kambi y'i Kakuma barondera kurungikwa guhabwa ubuhungiro muri Amerika. Kakuma, Kenya. itariki 6/02/2017

Reta ya Perezida Donald Trump ivuga ko igomba kwongera kugabanya igitigiri c’impunzi zakirwa muri Reta zunze ubumwe z’Amerika. Yipfuza ko mu mwaka wa 2021 abokwakirwa batarenga 15 000.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu ku musi wa gatatu bwavuze ko ico cipfuzo ca reta ari ukwerekana ko Amerika yiyemeje gufasha abantu babangamiwe cane kw’isi hatibagiwe gukorera abanyamerika.

Mu mwaka wa 2020, reta y’Amerika yari yihaye kwakira impunzi 18 000, ariko ikiza ca corona cateye imaze kwakira 10 892. Nizo zabaye impunzi nke Amerika yakiriye kuva yi porogaramu yemezwa na kongere y’Amerika mu 1980.

Abanegura politike ya reta ku mpunzi bariyamiriza iyi ngingo yo kwongera kugabanya impunzi zihabwa ubuhungiro muri Amerika.

Kuri reta ya Perezida Barack Obama impunzi zakirwa n’Amerika buri mwaka zari hagati y’70 000 na 85 000.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi, HCR, rivuga ko hafi imiliyoni 71 z’abantu kw’isi bateshejwe izabo ku nguvu.

Uwahoze ari icegera ca perezida muri Amerika Joe Biden, yavuze ko aramutse atowe azokwongereza ico gitigiri ku 125 000 buri mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG