Uko wahagera

Abanyamerika 27 Barwaniye ISIS muri Siriya Bose Baratahukanwe


Abanyamerika 27 bose bari baragiye muri Siriya canke Iraki kurwana ku ruhande rw’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu barasubiye ku butaka bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika. 10 muri bo baragiriwe n’ivyaha bifitaniye isano n’iterabwoba.

Ibi vyatangajwe kuri uyu wa kane n’ubushikiranganji bw’Amerika bujejwe ubutungane, haheze amasaha abategetsi batangaje ko batahukanye umunyamerika w’umugabo hamwe n’umuhungu wiwe, bakuwe aho bari bafungiwe mw’ibohero ry’abarwanyi bo muri Siriya bafashwe mu mugongo na Amerika.

Umutegetsi w’Amerika yabwiye Ijwi ry’Amerika ko muri 17 ataco bagirizwa, 15 baracari imiyabaga.

Kuva umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu utsinzwe muri Iraki na Siriya, Amerika hamwe n’ibihugu bifatanije mu kurwanya iterabwoba babandanije baganira kucokorwa kuri abo barwanyi n’imiryango yabo.

Amerika yamye isaba ibihugu gutahukana abavyo bagiye kwifatanya n’uwo muhari, ariko ibihugu bitari bike, cane cane ivyo mu Bulayi, vyarushirije kugira amakenga yo kubakira.

Naho hari abariko baratahukanwa mu bihugu vyabo, abashika 2 000 baracari mu mabohero y’amahema mu buraruko bushira ubuseruko bwa Siriya. Abandi bagore n’abana bagereranywa ku 10 000 baba mu mahema y’abantu bateshejwe ingo zabo n’intambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG