Uko wahagera

Imyuzure y'Imvura Yahitanye 124 muri Sudani


Abantu bariko barata ingo zabo kubera imyuzure yatewe n'imvura nyinshi muri Sudani.
Abantu bariko barata ingo zabo kubera imyuzure yatewe n'imvura nyinshi muri Sudani.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze kuri uyu wa kane ko abantu hafi 830 000 muri Sudani bahuye n’ingaruka z’imyuzure y’imvura imaze amezi igwa muri ico gihugu. Ni mu gihe amazi yo mu ruzi Nil yatanguye gusubira inyuma.

Ibiro vy’igisata ca ONU kijejwe gutabara abari mu ngorane n’ibiza muri Sudani, OCHA, kivuga ko hafi amazu 166 000 yasambutse canke yatwawe n’amazi y’imyuzure yahitiye hagati mu kwezi kw’indwi.

ONU ivuga ko abarenga ica kabiri c’abakozweko n’iyo myuzure bari mu mareta 18 ya Sudani, Darfur y’uburaruko, Khartoum, Blue Nile, Darfur y’uburengero na Sennar.

Ubutegetsi bwa Sudani buvuga ko bwatohoje abantu 124 iyo myuzure yahitanye hamwe na 54 bakomeretse.

Reta hamwe na ONU baragabishije ko hashobora gutera indwara zitewe n’imigera yo mu mazi, mu gihe igihugu kitaratekana kandi kikirwana n’umugera wa corona.

Igihugu ca Sudani gikunze kubona imvura nyinshi hagati y’ukwezi kwa gatandatu n’ukwa cumi aho buri mwaka giterwa n’imyuzure.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG