Ibiharuro vy’abanyeshule bo muri kaminuza bandura umugera wa corona, birabadanya kwiyongera muri iki gihe batanguye uwundi mwaka w’ishule.
Mu bisagara bitari bke vyo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, za kaminuza ziri mu bibanza birangwamwo ibitigiri binini vy’abantu banduye umugera wa corona. Abakoze amatohoza bavuga ko ubwo bwandu bwinshi ahanini buva ku misi mikuru ikorerwa muri izo kaminuza.
Mu bisagara 20 vyatohojwe, ibitigiri vy’abandura uyo mugerea muri za kaminuza, biruta incuro zitatu, ibitigiri vy’abandura uyo mugera muri za reta, izo kaminuza zirimwo.
Abatari bake barafise amakenga ko abanyeshule bo muri za kaminuza bashobora kwuzura ibitaro, muri iki gihe ibitaro vyiteze ko ibitigiri vy’abagwaye ikiza ca corona n’izindi ndwara zo mu bihe bikanye vyimirije, bishobora kwiyongera.
Facebook Forum