Uko wahagera

Sudani: 41 Bakekwa Gushaka Gusambura Khartoum Bahagaritswe


Abategetsi ba Sudani kuri uyu wa gatatu bavuze ko bahagaritse abantu 41 bari bafise ibikoresho vyinshi bishobora guturitswa, harimwo ibisa n’ivyasanganguye ikivuko muri Libani mu kwezi guheze.

Umushikirizamanza mukuru wa Sudani, Tagelsir al-Hebr yavuze ko abo bantu bari bafise ibiturika bikwiriye kugira bisambure umurwa mukuru Khartoum. Yongeyeko ko ibiro vyiwe vyatanguye amatohoza.

Umuvugizi w’igisirikare Jamal Jumaa yavuze ko amakuru y’iperereza yatororokanijwe kuva mu kwezi kwa munani kuri iyo mirwi y’iterabwoba ari yo yatumye bahagarika abo bantu. Yavuze ko bafise ubwoba ko hari abanyesudani bashobora guhungabanya umutekano no gutera bombe.

Sudani ubu irongowe na reta mfatakibanza, yafashe ubutegetsi inyuma y’ikurwa rya perezida Omar al-Bashir.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG