Uko wahagera

COVID-19: Afrika y'Epfo Izokwugurura Imbibe mu Kwezi k'Icumi


Perezida wa Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa agendera ahariko haravurirwa abanduye COVID-19 i Johannesburg, Afrika y'Epfo, kw'itariki ya 24/04/2020
Perezida wa Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa agendera ahariko haravurirwa abanduye COVID-19 i Johannesburg, Afrika y'Epfo, kw'itariki ya 24/04/2020

Perezida wa Afrika y’Epfo Cyril Ramaphosa yavuze kuri uyu wa gatatu ko imbibe z’igihugu ciwe zizongera gufungurwa ku bihugu bitari bike mu kwezi kuza mu gihe igihugu kibandanya gutezura ku ngingo cafashe zo kurwanya COVID-19.

Ico gihugu ca mbere giteye imbere ku mugabane w’Afrika cugaye imbibe zaco igihe gitangura gufata ingingo zo guhagarika imirimo kw’italiki ya 27 ukwezi kwa gatatu kugira bagabanye ikwirakwira ry’uwo mugera.

Uruja n’uruza rw’abantu hamwe no gusubira kureka ibikorwa vy’ubucuruzi vyuguruwe kuva mu kwezi kwa gatandatu, ariko imbibe zagumye zugawe kugira umugera wa corona ntubandanye winjira uva hanze.

Perezida Ramaphosa yavuze ko kuva kw’itariki ya mbere y’ukwezi kw’icumi bagiye gutangura kuza barorosha ku ngingo zerekeye ingendo mu kwemerera abinjira n’abasohoka Afrika y’epfo mu bijanye n’ubudandaji, ukwinezereza hamwe n’izindi ngendo. Yavuze ko kwinjira no gusohoka ku ngenzi ziva mu bihugu bibangamiwe cane n’umugera bishobora kuzobandanya bihagaritswe.

Afrika y’Epfo yarasinzikajwe cane n’ico kiza, aho abantu barenga 650 000 banduye hamwe n’abarenga 15 600 bamaze gupfa gushika ubu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG