Uko wahagera

Moussa Traore Yahoze ari Perezida wa Mali Yasandavye


Jenerali Moussa Traore na Ronald Reagan yahoze ari perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika
Jenerali Moussa Traore na Ronald Reagan yahoze ari perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika

Moussa Traore, yatwaye Mali kuva mu 1968 gushika akuweho na kudeta mu 1991, yasandavye kuri uyu wa kabiri ari mu rugo iwe mu murwa mukuru Bamako, afise imyaka 83 y’amavuko. Umuryango wiwe wabitangaje kuri uyu wa kabiri.

Umusirikare w’ipete rya Liyetena mu 1968, Traore niwe yari kw’isonga ry’abateye kudeta yakuye ku butegetsi Modibo Keita, perezida wa mbere wa Mali inyuma y’ukwikukira.

Imyaka 22 yamaze ku butegetsi yaranzwe no guhagarika abatavuga rumwe nawe, kuburizamwo imyiyerekano, gukekwa gushaka kwica Perezida Keita hamwe no kunyuruza amafaranga y’imfashanyo zatangwa n’amakungu.

Ariko yari azwi ko yari afise ubumenyi muri dipolomasiya. Igihe yari arongoye ishirahamwe ry’ubummwe bwa Afrika, mu 1989 yaragize uruhara runini mu kumvikanisha mu matati hagati ya Senegal na Mauritaniya, mu ntambara hagati ya Cadi na Libiya, hamwe no mu ntambara ya mbere y’abenegihugu muri Liberiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG