Uko wahagera

Perezida Trump na Biden Ntibavuga Rumwe ku Miriro yo muri Amerika


A firefighter battles a fire along the Ronald Reagan (118) Freeway in Simi Valley, California, Nov. 12, 2018.
A firefighter battles a fire along the Ronald Reagan (118) Freeway in Simi Valley, California, Nov. 12, 2018.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump hamwe n’uwo bahiganwa mu matora yimirije, Joe Biden, kuri uyu wa mbere bashimikiye ku miriro ibangamiye uburengero bw’igihugu mu myiyamamazo yabo.

Trump, yari amaze igihe ataco avuga kur’iyo miriro iriko iratongora mu mareta atatu ashigikiye abademokrate ari yo California, Oregon na Washington. Kuri uyu wa mbere yagendeye California aranumviriza guverineri w’umudemokrate ayirongoye, Gavin Newsom yamwiganiye uko vyifashe.

Trump yaganiriye kandi n’abategetsi b’umurwa mukuru Sacramento wa reta ya California hamwe n’aba reta, kur’iyi miriro imaze kwica abashika 35 n’amahegitare arenga umuliyoni yahiye.

Urugendo muri California rwari rufise intumbero yo kwerekana ko afise umutima w’urukundo aho yatangaje ko yemeye kurungika abazimyamiriro ba reta gufasha abo muri California kugira aharonkere amajwi.

Ku rundi ruhande, Joe Biden bahiganwa yahisemwo kuguma mu rugo iwe nkuko akunze kubikora, mu ntumbero yo kwirinda ikwirakwira ry’umugera wa corona.

Biden, yavuze ko Perezida Trump yanka kwumvira abahinga ku mpanuro batanga zijanye n’ihindagurika ry’ibihe. Yavuze ko mu gihe Trump yokwongera gutorwa agatwara iyindi myaka ine, imiriro, imyuzure hamwe n’ibihuhusi bizokwiyongera kuruta kandi bisambure ibirenze.

Biden yafashe ihindagurika ry’ibihe arigira kimwe muvyo yiyamamaza ashira imbere, mu gihe Perezida Trump mu ntango y’intwaro yiwe yakuye Amerika mu masezerano mpuzamakungu y’i Paris kw’ihindagurika ry’ibihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG