Uko wahagera

Ibiganiro Hagati y'Ubushinwa n'Ubulayi nta Cizere Kinini Vyitezwemwo


Umukuru w'akanama k'ubumwe bwa Bulaya Charles Michel mu nama na perezida w'Ubushinwa Xi Jinping i Buruseli, mu Bubiligi, kw'italiki 22/06/2020.
Umukuru w'akanama k'ubumwe bwa Bulaya Charles Michel mu nama na perezida w'Ubushinwa Xi Jinping i Buruseli, mu Bubiligi, kw'italiki 22/06/2020.

Ishirahamwe rya Bulaya n’Ubushinwa baraganira kuri uyu wa mbere mu cizere co gushika ku masezerano y’ubudandaji no gushinga imitahe mu gihugu kimwe n’ikindi mu mpera z’uyu mwaka.

Iyo nama yari itegekanijwe kubera i Leipzig mu Budagi hagati ya perezida w’Ubushinwa Xi Jinping n’abakuru b’ibihugu 27 bigize uwo muryango amaso mu yandi ariko iza kuba hakoreshejwe kubonana biciye muri Videwo.

Ariko nkuko umukuru w’akanama k’umuryango wa Bulaya, Charles Michel, yabivuze mu nama iheruka hagati y’Ubulayi n’Ubushinwa mu kwezi kwa gatandatu, haracari ibibazo izo mpande zibiri zitumvikanako. Yavuze ko Ubumwe bwa Bulaya butewe impungenge n’ihungabanywa ry’agateka ka muntu, ihindagurika ry’ibihe hamwe n’ubusuma bw’ubumenyi muri tekinolojiya bikorwa n’Ubushinwa.

Abahinga bavuga ko amatora yo muri Reta zunze ubumwe za Amerika, aho Perezida Donald Trump azohangana na Joe Biden bizoha umurongo ibiganiro bizokurikira hagati y’Ubushinwa n’Ubulayi. Bavuga kandi ko ibihugu vya Bulaya vyiciyemwo kubiri ku kuntu vyohangana n’Ubushinwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG