Uko wahagera

Zimbabwe: Abaforoma Bahora muri Yegereyegere Basubiye ku Mirimo


Abaforoma muri Zimbabwe
Abaforoma muri Zimbabwe

Ibihumbi vy’abaforoma muri Zimbabwe kuri uyu wa gatatu bahagaritse imyiyerekano yasaba iyongerwa ry’imishahara n'ibikoresho vyo kwikingira, inyuma y’amezi atatu barahagaritse kuvuga mu bitaro vya reta.

Enock Dongo, arongoye ishirahamwe ry’abaforoma bashika 15 000, yavuze ko bahisemwo guhagarika iyo myiyerekano kugira bahe akaryo umushikiranganji mushasha w’amagara y’abantu ko kubumviriza.

Icegera ca perezida, umujenerali yakukurutse, Constantino Chiwenga, niwe aherutse kugenwa kuba umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Zimbabwe.

Asubiriye Obadiah Moyo, yakuwe inyuma yo kwagirizwa ibiturire mw'isoko rirenga imiliyoni 20 z’amadolari ryo kugura ibipimo vya COVID-19, ibikoresho vyo kwikingira yatanze.

Abaforoma bo mu bitaro vya reta muri Zimbabwe bahagaritse akazi mu kwezi kwa gatandatu basaba kwongerwa imishahara, inyuma y’aho ifaranga ritereye agaciro hamwe n’ubutunzi bwasubiye inyuma cane.

Bidogera kandi gukoresha ibikoresho vyo kwikingira bidakwije amategeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG