Uko wahagera

Boko Haram Yishe Abantu 10 muri Nijeriya


Abajejwe umutekano muri Nijeriya bavuze kuri uyu wa mbere ko intagondwa za Boko Haram zishe abasivile 10 mu bitero zagavye mu mihana itatu mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya.

Babakura Kolo, arongoye umuhari witwaje ibirwanisho urwana ku ruhande rwa reta yavuze ko Boko Haram yateye umuhana wa Kurmari, uri ku birometero 40 uva ku murwa mukuru w’ako karere ku musi w’Imana, bica abantu bane baryamye.

Ahandi, amakuru yavuze ko izo ntagondwa zaturiye abantu batatu ari bazima n’uwundi umwe bishe mu micungararo ya Maiduguri kuw’Imana.

Abarimyi babiri nabo barishwe abandi batari bake banyururizwa hafi y’ico gisagara.

Intambara ya Boko Haram yatanguye mu 2009 imaze guhitana abantu 36 000 ikura mu ngo zabo hafi imiliyoni zibiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG