Abajejwe umutakano muri Etiyopiya babujije abamenyeshamakuru gufata indege bagana mu buraruko bw’intara ya Tigrinya kuri uyu w’Imana gukurikirana amatora reta yise ko atubahirije amategeko. Abategetsi kandi bafashe telefone zabo, ordinateri, pasiporo hamwe n’ikarata z’umwuga.
Amatora muri iyo ntara ategekanijwe kw’italiki 9 z’ukwezi kw’icenda yarateye ubwoba reta y’umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed mu gihe ubwiwe ariko aragerageza kwugururira igihugu amakungu.
Inama nshingamateka ya Etiyopiya ku musi wa gatandatu yavuze ko amatora mu ntara ya Tigrinya ateye kubiri n’amategeko ariko barabangira gufatira ibihano iyo ntara kubw'uko gutegura amatora.
Abaharanira agateka ka muntu hamwe n’amashirahamwe agwanira ubwigenge bw’abamenyeshamakuru yiyamirije iryo hohotera ry’abamenyeshamakuru mu kuvuga ko vyari ngombwa ko ibinyamakuru mpuzamakungu n’ivyo mu gihugu bitanga amakuru y’ayo matora.
Umuvugizi w’ibiro vy’umushikiranganji wa mbere yanse kugira ico avuga kuri ivyo vyagiriji.
Ishirahamwe ry’abanyamakuru ba Etiyopiya bakorera mu mahanga bavuze ko bahangayikishijwe no kugerageza kwa reta ya Etiyopiya kubuza abanyamakuru gukurikirana amatora mu ntara ya Tigrinya.
Facebook Forum