Uko wahagera

Uganda Yahagaritse Amashirahamwe Arenga 200 Afasha Impunzi


Amashirahamwe afasha impunzi muri Uganda aridoga, inyuma y’aho reta ihagarikiye ayarenga 200 muri yo, bitatu kuri bine vyayo, iyahora kutisunga amategetsi np kutagira impapuro zibemerera gukora.

Ariko bamwe baharanira agateka ka muntu bavuga ko iryo hagarikwa ry’ayo mashirahamwe rizogira ingaruka mbi ku muliyoni 1 n’ibihumbi amajana ane vy’impunzi ziba muri Uganda.

Umushikiranganji wa Uganda ajejwe impunzi n’ugukinga ibiza, hagati mu kwezi kwa munani, yarasohoye urutonde rw’amashirahamwe 208 avuga ko akora mu buryo buteye kubiri n’amategeko mu makambi yo mu gihugu no mu bindi bice vyashizwemwo impunzi.

Iryo kete rivuga ko ayo mashirahamwe atagira impusha zo gukorera mu gihugu ayandi atasinye amasezerano ayemerera gukora.

Amashirahamwe amwe nka IRC na Action Aid avuga ko atari akwiriye gushirwa kuri urwo rutonde kuko ngo akwije ibisabwa.

Julius Mucunguzi, avugira ibiro vy’umushikiranganji wa mbere, avuga ko amakosha yoba yarahabaye yoroshe gukosora.

Umuhanuzi adasanzwe wa ONU ku bibazo vy’igitsina n’ukuvanwa mu ngo, Victor Ochen arashima iyo ngingo avuga ko igiye gutuma ibintu bikorwa mu muco no kwubahiriza amategeko. Avuga kandi ko bizogabanya ugucanamwo kwahora kwibonekeza hagati y’ayo mashirahamwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG