Uko wahagera

USA Isaba u Rwanda Gucira Urubanza Rubereye Paul Rusesabagina


Paul Rusesabagina ahagarikwa i Kigali mu Rwanda

Reta zunze ubumwe za Amerika ishikiriza ko yiteze kuri reta y’u Rwanda gufata buntu, kwubahiriza amategeko no gucira urubanza rutumbereye kandi mu muco Paul Rusesabagina.

Icegera c’umunyamabanga mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire y’Amerika ku mugabane w'Afurika, Tibor Peter Nagy yabishikirije kuri uyu wa gatatu mu butumwa bwa Twitter. Yavuze ko yabonanye na ambasaderi w’u Rwanda muri Amerika, Matilda Mukantabana inyuma y’amaraporo y’ihagarikwa rya Paul Rusesabagina ryakozwe na reta y’u Rwanda.

Urwego rw’Igihugu rw’Ubugenzacaha rw'u Rwanda, RIB, rwatangaje kuwa mbere ko rwataye muri yombi Paul Rusesabagina, ruvuga ko akurikiranwa ku vyaha bitandukanye birimwo n’ivy’iterabwoba. Uru rwego rusobanura ko rwamufunze mu gukorera hamwe n’ibihugu vy’amahanga bitatangajwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG