Uko wahagera

Trump na Biden Baterana Amajambo ku Bwicanyi Buba mu Myiyerekano


Abaporisi bo mu gisagara ca Portland bafashe uwuri mu myiyerekano
Abaporisi bo mu gisagara ca Portland bafashe uwuri mu myiyerekano

Mu gihe hasigaye amezi abiri n’indwi imwe ngo habe amatora y’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe za Amerika, Perezida Donald Trump hamwe n’umudemokrate bazohiganwa, Joe Biden, barateranye amajambo kuri uyu wa mbere. Bahanganye ku bwicanyi bubera mu mabarabara, bushingiye ku karenganyo mu butungane gakorwa hisunzwe ubwoko hamwe n’ibikorwa abaporisi bakorera ubwoko bw’inkehwa bwabaye mu misi iheze.

Pereziza Trump yanditse ubutumwa ku rubuga Twitter ko ategekanya kugendera igisagara ca Kenosha, muri Wisconsin, kuri uyu wa kabiri ahabaye imyiyerekano yavuyemwo ubwicanyi mu ndwi iheze. Ni inyuma y’aho umuporisi arasiye umugabo w’umwirabure mu mugongo bariko bagerageza kumuhagarika.

mur'iki gihugu nyene, umusore w’umuzungu avuga ko yariko arakingira ibidandazwa ntivyibwe yaragirijwe kwica arashe abantu babiri uwundi aramukomeretsa mu myiyerekano yabereye mu mabarabara, mu gisagara ca Portland muri reta ya Oregon.

Perezida Trump yavuze ko ubwo bugizi bwa nabi muri reta ya Wisconsin na Oregon bwakuye Biden mu nzu iwe mu gisagara ca Delaware, aho ariko ariyamamariza amatora mu kuvuga ko atinya guhangana n’ubwinshi bw’abantu muri iki kiza ca Corona.

Mw’ijambo yashikirije kuri uyu wa mbere ari mu gisagara ca Pittsburgh muri Pennsylvania, Biden yegeka ubwo bwicanyi kuri perezida Trump. Avuga ko Trump adashobora kubuhagarika kuko ngo ni we amaze imyaka abusasira indava. Avuga kandi ko perezida Trump yifashisha ubwo bwicanyi ku nyungu ziwe za politike.

Buramatari wa reta ya Wisconsin, Tony Evers yasavye perezida Trump guhagarika urugendo ategekanya kuri uyu wa kabiri mu gisagara ca Kenosha kugira ntibivyure iyindi migumuko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG