Uko wahagera

Ubuhindi n'Ubushinwa Birapfa Urubibe ku Misozi ya Himalaya


India China border
India China border

Icuka kibi hagati y’Ubuhindi n’Ubushinwa congeye kugaragara kandi kuri uyu wa mbere, inyuma y’aho ivyo bihugu vyagirizanije kugerageza kwigarurira ubutaka bipfa ku rubibe rwo ku musozi Himalaya.

Ukwagirizanya hagati y’ivyo bihugu bibiri vya mbere kw’isi mu kugira abanyagihugu benshi kubaye haheze amezi abiri habaye imishamirano yahitanye abasirikare b’Abahindi bashika kuri 20.

Ubuhindi bwagiriza Ubushinwa gushaka kurengera urubibe rwabwo mu ntara ya Ladakh ku musi wa gatandatu, mu gihe Ubushinwa buvuga ko abasirikare b’Ubuhindi babigerageje ku musi wa mbere.

Ivyo bihugu uko ari bibiri bivuga ko bizorwanira ubutaka bwavyo. Urwanko hagati y’ivyo bihugu bitunze ibirwanisho vya Nikleyeli ubu rugeze ku rugero runini kuva birwanye ku matati y’urubibe mu 1962.

Ibiganiro vya kidipolomasiya na gisirikare nta ntambwe vyashitseko. Umushikiranganji w’Ubuhindi ajejwe kwivuna abansi yavuze kuri uyu wa mbere ko abasirikare b’Ubushinwa bakoze ibikorwa vyo gusotorana ku musi wa gatandatu. Mugenzi we w’Ubushinwa nawe yavuze ko Ubuhindi bwaciye kubiri n’ubwigenge bw’Ubushinwa mu bikorwa bwakoze ku musi wa mbere kandi busaba Ubuhindi gusubiza inyuma abasirikare babwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG