Uko wahagera

Sudani mu Nzira yo Gusinya Amesezerano yo Guhagarika Intambara


Abafasha mu kwumvikanisha abanyesudani berekana amasezerano y'amahoro no guhagarika intambara i Juba, kw'itariki 21/10/2019.
Abafasha mu kwumvikanisha abanyesudani berekana amasezerano y'amahoro no guhagarika intambara i Juba, kw'itariki 21/10/2019.

Urunani rw’abarobeli barwanya reta ya Sudani barapfunditse amasezerano y’amahoro na reta, agamije kurangiza intambara imaze imyaka 17.

Urunani, The Sudan Revolutionary Front (SRF), ruhurikiyemwo imigwi y’abarobeli barwanira mu burengero bw’intara ya Darfur no mu mareta yo mu bumanuko ya Kordofan na Blue Nile, baremeranije amasezerano na reta ku musi wa gatandatu.

Ibirori vyo kuyaterako imikono bitegekanijwe kuri uyu wa mbere i Juba, ku murwa mukuru w’igihugu kibanyi ca Sudani yo mu bumanuko. Ico gihugu nico cakiriye ivyo biganiro no kubifashamwo kuva mu mwaka wa 2019.

Itororokanirizo ry’amakuru rya reta ya Sudani, SUNA, ryatangaje ko ayo masezerano arimwo ibibazo vy’umutekano, ubutungane bwo mu gihe c’imfatakibanza, gusabikanya ubutegetsi hamwe n’itahuka ry’abantu bahunze ingo zabo kubera intambara. Arimwo kandi gusambura iyo mihari irwana no kubinjiza mu gisirikare c’igihugu.

Ikinyamakuru, SUNA, cavuze ko umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok hamwe n’abashikiranganji batari bake bagiye i Juba kuri uyu w’Imana, aho yabonanye na perezida wa Sudani y’ubumanuko, Salva Kiir.

Abo baroberi bafashe ibirwanisho barwanya ico bise ikumirwa muvy’ubutunzi na politike ryakozwe na reta ya Sudani.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko abantu hafi 300 000 bishwe mu ntara ya Darfur kuva abarobeli bafashe ibirwanisho mu 2003.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG