Uko wahagera

Izinga rya Lampedusa Ryakiriye Abimukira Hafi 370 Barokowe mw'Ibahari


Ubwato buroba bwikoreye abimukira bashika hafi 370 bwaratuye mw’ijoro ryo ku wa gatandatu rishira uw’Imana mw’izinga rya Lampedusa ryegukira Ubutaliyano. Itororokanirizo ry’amakuru ry’Ubutaliyano, ANSA, kuri uyu w’Imana ryashikirije ko abategetsi b’iryo zinga bashavujwe n’uwo muzo w’abimukira binjira mu buryo buteye kubiri n’amategeko biyongereye.

Mu mezi aheze Ubutaliyano bwahitiye buhangayikishijwe n’abimukira baharurwa mu majana bashikira ku mazi yo mu gice c’ubumanuko bavuye mu buraruko bwa Afrika.

Umukuru w’igisagara ca Lampedusa, Toto Martello yahamagariye abanyagihugu arongoye mu myiyerekano kuva kuri uyu wa mbere yiyamiriza agacerere ka reta kuri ico kibazo. Yagabishije ko mu gihe reta y’Ubutaliyano itofata ingingo zihuta, azogomora abanyagihugu biwe bose mu myiyerekano.

Itororokanirizo ry’amakuru, ANSA, ryashikirije ko ubwo bwato bwari bwikoreye abantu 367, bari mu bibazo bikomeye bagira bibire bivanye n’umuyaga mwinshi. Abo bantu barimwo abagore 13 n’abana 33.

Abantu baharurwa mu bihumbi baravugwa ko bapfuye bariko barajabuka ibahari Mediterane bahunga intambara, itotezwa, n’inzara muri Afrika no mu buseruko bwo hagati.

Ibibazo vy’abimukira vyaracanishijemwo umuryango w’ubumwe bwa Bulaya. Ubutaliyano bwarugaye ibivuko vyabwo ku bwako butabara abimukira, kugeza mu 2019. Ubufaransa hamwe n’Ubudagi vyaremeye kugabanganya abimukira bashikira mu Butaliyano no mw’izinga rya Malte.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG