Uko wahagera

USA: Inama Kaminuza y'Umugambwe w'Abarepublikani


Donald Trump ni prezida w'Amerika
Donald Trump ni prezida w'Amerika

Ku musi wa mbere mw’ijoro ni ho ikoraniro ry’umugambwe w’Abarepublika ryatangura icese. Iryo koraniro ribaye indwi imwe inyuma y’ikoraniro ry’umugambwe w’Abademokrate. Nk’uko vyagenze ku bademokrate bagenye Joe Biden mu kibanza co kwitoza ku giti c’uyo mugambwe mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora ategekanijwe mu ntango y’ukwezi kwa 11, vyitezwe ko umugambwe w’Abarepublika usubira kwemeza Prezida Trump ko asubira kwitoza kugira abandanye arongora igihugu mu kiringo kigira kabiri.

Mu ntumbero yo kwihweza amajambo hamwe n’icivugo vyaranze ijoro rya mbere ry’iryo koraniro ry’umugambwe w’ Abarepublika, twatumiye abahinga bakwirikirana hafi politike yo muri Amerika:

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika FredericNkundikije yavuganye na Athanase Gahungu, yigisha muri kaminuza Chicago State University, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, hamwe na Leonce Hakizimana, umuhinga akwirikiranira hafi ibibazo vya politike muri Amerika, aba mu gisagara ca Chicago.

Mwalimu Athanase Gahungu aratangura avuga ku mambo yashikirijwe na bamwe mju bategetsi b'Abarepublika.

please wait

No media source currently available

0:00 0:13:29 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG