Uko wahagera

Perezida Trump Yemeye Kandidatire y'Abarepublikani mu Matora


Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump, kuri uyu wa kane yaraye asozereye ikoraniro kaminuza ry’umugambwe w’abarepublikani mu gushikiriza ko yemeye kuzokwitoreza manda ya kabiri mu kibanza ca perezidanse y’Amerika.

Iri koraniro kaminuza ry’abarepublikani ryatanguye ku munsi wa mbere ryakurikiye iry’abademokrate ryabaye mu ndwi iheze, aho Joe Biden nawe yemeye kandidatire yo kuzokwitoza ku ruhande rw’abademokrate.

Mw’ijambo yashikirije kuri white House imbere y’abantu hafi 1 500, Perezida Trump yabwiye abanyamerika bazotora ko umudemokrate Joe Biden bazohiganwa afise ivyiyumviro n’imigambi bishira igihugu mu kaga. Trump yavuze ko amaze imyaka ine asubiza mu buryo ivyo Joe Biden yononye mu myaka 47 iheze.

Ayo makoraniro kaminuza abiri yakozwe mu buryo bwa Videwo mu gihe iyo migambwe ibiri yariko iririnda ko haba ikwirakwira ry’umugera wa corona umaze kwica abarenga 180 000 muri Amerika n’abarenga 5 800 000 nkuko bishikirizwa na kaminuza Johns Hopkins yo muri Amerika.

Abaperezida babiri gusa nibo bamaze gutsindwa manda ya kabiri mu myaka 40 iheze. Jimmy Carter yatsinzwe mu 1980 mu gihe George H.W. Bush yatsinzwe mu 1992.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG