Uko wahagera

Perezida Putin Yemeye Gushigikira Perezida wa Biyelorusiya muvya Gisirikare


Perezida w'Uburusiya, Vladimir Putin
Perezida w'Uburusiya, Vladimir Putin

Perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin yemeye kuri uyu wa kane gushigikira muvya gisirikare perezida wa Biyelorusiya Alexander Lukashenko, yongera asaba ko hatorwa umuti w’ibibazo hamwe n’imyiyerekano vyadutse inyuma y’amatati yadutse inyuma y’amatora.

Inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yabaye kw’italiki y’icenda ukwezi kwa munani, Lukashenko yemeje ko yatsinze ku majwi 80 kw’ijana. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuze ko yabayemwo ubusuma bukabije. Baciye basaba ko asubirwamwo kandi na perezida Lukashenko agatanga imihoho.

Putin yavuze ko agiye gushigikira Biyelorusiya muvya gisirikare avuga kandi ko Uburusiya bwategekanije umugwi w’abaporisi worungikwayo mu gihe vyoyangara. Yavuze ko ivyo bizokorwa igihe abo yise intagondwa botangura guturira imodokari, amazu n’amabanki no gutangura kwifatira inyubakwa za reta.

Umutegetsi arongoye inteko z’ibihugu vyo mu burengero bw’isi bihurikiye mu muryango wo kwivunira hamwe umwansi wa OTANI, Jens Stoltenberg, yavuze ko Uburusiya budakwiye kwivanga mu bibera muri Biyelorusiya kuko ari igihugu cigenga kandi cikukiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG