Uko wahagera

Igice ca Mbere c'Impunzi z'Abarundi z'i Mahama Zatahutse

Ku mupaka wa Gasenyi-Nemba, ugabura u Rwanda mu karere ka Bugesera n’Uburundi ntara ya Kirundo, hakiririwe impunzi zigera ku 493 zahungutse zivuye mw’ikambi ya Mahama iri mu buseruko bw’u Rwanda.

Abatahutse bagizwe ahanini n’abana n’abagore. Nka bose baturuka mu Ntara ya Kirundo nk’uko babibwiye Ijwi ry'Amerika, inyuma y’urugendo rw’umunsi wose rwabakuye i Mahama.

Bashitse ku mupaka baboneka ko barushe, bamwe bahetse abana bagaterura n’abandi mu ntoke bikoreye n’imizigo yabo ku mutwe.
Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe intwaro yo hagati n’umutekano, Gervais Ndirakobuca ni we yakiriye izo mpunzi abanje guhereza uwari imbere yabo idarapo ry’igihugu.

Ishirahamwe mpuzamakungu HCR ryitaho impunzi kw’isi rirashima ko ibiganiro vyahuje umugwi nyabutatu warimwo Uburundi n’u Rwanda bishitse ku vyamwa vyiza hakaboneka abataha.

Abatashe mu Burundi bashikiye mw’ikambi y’agateganyo ya Songore iri mu Ntara ya Ngozi, aho bazomara iminsi bigishwa gukunda igihugu.
Mw’ikambi ya Mahama abamaze kwiyandikisha ko bashaka gutaha barenga gato 1800 mw’ikambi irimwo abarenga ibihumbi 60.




XS
SM
MD
LG