Uko wahagera

RDC: Abasirikare Bafashe Abakenyezi ku Nguvu Barengutse muri Sentare


Familia za wapiganaji wa kundi la NDC-R wasubiri kurudishwa katika maisha ya kawaida DRC
Familia za wapiganaji wa kundi la NDC-R wasubiri kurudishwa katika maisha ya kawaida DRC

Abasirikare mirongo ibiri n’umwe n’abaporisi barengukishijwe imbere ya sentare ya gisirikare ku vyaha vyo gufata abakenyezi ku nguvu mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Congo.

Umukuru w'iyo sentare, Major Alain Giongenga-Lwanzu, yavuze ko sentare ya gisirikare kuva kuwa mbere iriko iraburanisha abasirikare bagirizwa ivyo vyaha muri Kivu y’ubumanuko kandi 23 bakorewe ayo mabi baraje kubagiriza.

Abo bakenyezi bariko bafashwa muri izo mburano na muganga Denis Mukwege, avura indwara z’abakenyezi, yanatahukanye agashimwe kitiriwe Nobel mu 2018.

Abo 21 bagirizwa ivyo vyaha vyo gufata abakenyezi ku nguvu hamwe n’ayandi mabi ashingiye ku gitsina bakoze uyu mwaka mu kiyaya ca Ruzizi hagati y’ibisagara vya Bukavu na Uvira. Ako karere kama kahungabanijwe n’imihari yitwaje ibirwanisho hamwe n’abasuma.

Sentare yamenyesheje ko urubanza rwabo ruzosomwa kw’italiki 2 y’ukwezi kw’icenda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG