Uko wahagera

OMS Yemeza ko Ingwara y'Ubukangwe Yarangiye muri Afrika


Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS, ritegekanya kwemeza ko ingwara y’ubukangwe yarangiye burundu ku mugabane wa Afrika muri iyi ndwi. Ni inyuma y’aho muri Nijeriya, igihugu ca nyuma cari kikibangamiwe n’iyo ngwara ata muntu yabonetse ayirwaye mu myaka itatu ikurikirana.

Abarokotse ubukangwe bariko barishima kubona iyo ngwara yahanaguritse naho benshi bagifise ingorane.

Nijeriya nico gihugu ca nyuma ku mugabane cari kigisigayemwo ako karanda, giheruka kuronka abarwayi kuva mu 2016, mu ntara ya Borno.

Umurwi w’abaharanira agateka k’abamugaye muri Nijeriya bavuga ko 40 kw’ijana ry’abagendana ubumuga mu gihugu barokotse ubukangwe, benshi muri bo babayeho mu bukene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG