Uko wahagera

Perezida Trump Yagiriza Abademokrate Kwitazwa COVID-19 ngo Bazokwibe Amajwi


Perezida Donald Trump yabwiye abarepublikani ko uburyo bwonyene abademokrate bazomutsinda mu matora yo mu kwezi kwa cumi na kumwe ari mu kwiba amajwi biciye mu buryo bwa posita.

Trump yabishikirije igihe intumwa z’umugambwe w’abarepublikani ziri mw’ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe mu gisagara ca Charlotte, muri Carolina y’uburaruko, bamwemeza kuri uyu wa mbere ko ari we azowuserukira mu matora.

Kubera umugera wa corona, umugwi muto w’intumwa z’abarepublikani niwo wagenye Trump n’icegera ciwe Mike Pence kwitoza muri manda ya kabiri.

Inyuma y’isaha ariko arashikiriza ijambo, Perezida Trump yagirije abademokrate ko bariko bakoresha ikiza ca COVID-19 kugira bazokwibe amajwi.

Trump yavuze ko mu gihe Biden yotorwa mu kwezi kwa cumi na kumwe, indoto z’Amerika zizoba zipfuye. Yemeje kandi ko Amerika itazigera iba igihugu c’igisosiyalisite.

Mu gihe bimenyerewe ko umukandida yemejwe n'umugambwe ashikiriza ijambo ryiwe ryo kwemera kuzowuserukira mu mpera y’ikoraniro kaminuza, Trump we yahisemwo kuzoza arashikiriza ijambo buri musi.

Mu gihe Trump yifatiye mu gahanga Joe Biden, kandida w’abademokrate hamwe n’umugambwe wabo, umurepublikani yahoze ari senateri wa Arizona, Jeff Flake, hamwe n’abandi barepublikani barenga mirongo ibiri bahoze muri kongere y’Amerika, bahisemwo kwiyunga n'abademokrate mu gushigikira Biden mu mwanya wa perezida.

Ikoraniro kaminuza ry’abademokrate ryabaye mu ndwi iheze hakoreshejwe uburyo bw’amasanamu ya videwo kubera ikiza ca COVID-19, ariko abarepublikani bo bahisemwo gutwara intumwa 336 mu gisagara ca Charlotte bakorana babonana amaso mu yandi.

Iri koraniro kaminuza ry'abarepublikani rizosozerwa ku musi wa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG