Uko wahagera

USA: Abantu 18 Bararashwe, Bane Barapfa muri Cincinnati


Umuporisi ahagaze hamwe muharasiwe abantu hafi yo hagati mu gisagara ca Cincinnati.
Umuporisi ahagaze hamwe muharasiwe abantu hafi yo hagati mu gisagara ca Cincinnati.

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, igiporisi co mu gisagara ca Cincinnati muri reta ya Ohio cavuze ko abantu bashika 18 barashwe, bane muri bo barapfa mu masasu yumvikaye mu bice bine bitandukanye vy’ico gisagara mw’ijoro ryo kuwa gatandatu.

Igiporisi cavuze ko uko kurasana ata sano gufitaniye muri ivyo bibanza vyose kandi abakekwa kubigiramwo uruhara amakuru yabo ataramenyekana.

Umukuru w’ico gisagara, John Cranley yavuze ko ivyo bibaye mu gihe ico gisagara gihanzwe n’umugera wa corona, aho abandura biyongera kubera abanyagihugu bahitamwo gukoranira mu mazu no mu bindi bibanza vya benshi iyo ubunywero bwugaye.

Yahanuye abanyagihugu kwirinda gukoranira hamwe mu kwirinda amatati ari nayo yatumye haba uko kurasana.

Mu kwezi kw’indwi, raporo yasohotse yerekanye ko ubwicanyi buvuye kubarasana muri ico gisagara bwiyongereye mu gice ca mbere c’umwaka ugereranije n’igihe nk’iki mu mwaka uheze wa 2019.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG