Uko wahagera

Igitero ca Al Shabab Cahitanye Abashika kuri 11 muri Somaliya


Abajejwe umutekano muri Somaliya batanye mu mitwe n’akagwi k’abitwaje ibirwanisho amasaha arenga ane kuri uyu w’Imana aho kateye igitero kw’ihoteli iri ku nkengera z’amazi ku murwa mukuru Mogadishu kuri uyu w’Imana.

Abategetsi muri Somaliya bavuga ko ico gitero cahitanye abantu bashika kuri 11 barimwo umusirikare umwe n’abashika 30 bakomeretse.

Abategetsi hamwe n’ababonye ivyabaye babwiye Ijwi ry’Amerika ko ico gitero catanguye isaha 12 z’umugoroba mu masaha ya Somaliya aho imodokari itezwemwo bombe yasambukiye hanze y’iyo hoteli yitwa Elite hotel, iri ahitwa Lido Beach. Mu nyuma abagabo bane bitwaje inkoho baciye binjira muri iyo hoteli batangura kurasa abantu.

Abajejwe umutekano baciye bahashika vuba batangura gutana mu mitwe n’abo barwanyi ba Al-Shabab. Abo bagabo bane bose bateye bishwe nkuko umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru yabitangaje.

Abasirikare bashoboye gutabara abarenga 200 bari muri iyo hoteli.

Umuhari w’iterabwoba wa Al Shabab wigamvye ko ari wo wagavye ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG