Uko wahagera

PAM Yemeye Kurungika Amatoni y'Ingano yo Gufasha Libani


Ishirahamwe mpuzamakungu ryita kubifungurwa, PAM, ryemeye kurungika muri Libani amatoni 17 500 y’ifu y’ingano hamwe no kubandanya ritanga iyo mfashanyo mu mezi atatu.

Abahinga bagabisha ko hagiye kwibonekeza ubukene budasanzwe bw’ibifungurwa muri Libani, hafi inyuma y’indwi haturitse imfumbire yari yabitswe ku kivuko c’i Beirut. Kuri ico kivuko hahora haca 85 kw'ijana vy’ingano ico gihugu cakoresha.

Abategetsi ba PAM bavuga ko ubwato bwa mbere bw’ingano buzohabwa abasanzwe bakora imikate kugira bashobore kuzokora iyizofasha abanyagihugu bose mu misi 20. Bavuga ko ayandi matoni 130 000 azoca akurikira mu kiringo c’iminsi 60.

PAM hamwe n’ibindi bisata vya ONU bariko bararungika ibikoresho bifasha kugira ikivuko c’i Beirut gisubire gukora. Ibindi bariko bararungika ni ibigega bibikwamwo imbuto, imashini zitanga umuyagankuba, hamwe n’imiti yo kuvura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG