Uko wahagera

Abakoloni b'Abadagi Boba Barakoze Ihonyabwoko muri Namibiya


Perezida wa Namibia, Hage Geingob, kuri uyu wa kabiri yavuze ko indishi y’akababaro Ubudagi bwemeye gushumbusha ico gihugu ku bwicanyi abakoloni babwo bakoze mur'ico gihugu ari intica ntikize kandi ikwiye kwongerezwa.

Abakoloni b’Abadagi bagirizwa kuba barishe hafi abantu 65 000 vy’abasangwabutaka b’aba-Herero n’aba-Nama hagati y’imyaka y’1904-1908. Abahinga muvya kahise baryise ihonyabwoko rya mbere ryo mu kinjana ca mirongo ibiri.

Mu mwaka wa 2015, ivyo bihugu bibiri vyaratanguye ibiganiro vyari bitumbereye ko Ubudagi busaba imbabazi kandi bukemera gushumbusha mu gutanga imfashanyo y’iterambere. Kugeza ubu, Ubudagi ntiburemera gusaba imbabazi kuri ubwo bwicanyi.

Ubudagi bwaremeye ko ubwo bwicanyi bwagirizwa abategetsi b’abakoloni kandi abategetsi bamwe baranemeye ko ryabaye ihonyabwoko.

Ariko ico gihugu camye canka gutanga indishi y’amafaranga ariko cemera kuzoha reta ya Namibiya imfashanyo y’iterambere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG