Uko wahagera

Abanyororo 4 ba Al Shabab Barishwe Barashwe mw'Ibohero i Mogadishu


Abajejwe gucungera umutekano muri Somaliya barishe barashe abanyororo bane inyuma yo kurasana na bo mw’ibohero rikuru ry’i Mogadishu. Abategetsi bajejwe umutekano bavuze ko abacungera imbohe batatu na bo nyene bishwe muri uko kurasana kwabaye kuri uyu wa mbere.

Abategetsi bavuga ko abo banyororo bose bahoze mu muhari wa al-Shabab, kandi baronse inkoho zitatu n’amagerenade atandatu vyinjijwe mw’ibohero n’abantu bataramenyekana.

Iryo bohero rikuru riri hirya gato y’ikivuko c’i Mogadishu kandi riracungerewe cane. Abanyororo b’aba al-Shabab batari bake bapfungiwemwo kandi benshi baciriwe urwo gupfa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG