Uko wahagera

Ibihugu Rutura Vyemeye Gufasha Libani


Abakuru b’ibihugu rutura kw’isi bemeranije kuri uyu w’Imana guha Libani imfashanyo za nkenerwa kugira bifashe Irani kwisununura inyuma yo gushikirwa n’ivyago vyateye umurwa mukuru Beirut mu ndwi iheze. Ariko igitigiri c’amafaranga bazotanga nticatangajwe.

Abo bategetsi bari barongowe na Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron, mu nama bakoze hakoreshejwe ubuhinga bwa Videwo, kandi bavuze ko izo mfashanyo zizohabwa abanyagihugu ubwabo ku mugaragaro.

Macron, yagendeye Beirut ku munsi wa kane, yavuze ko ibihugu bikwiye gushira ibibatandukanya ku ruhande kugira bifashe abanyagihugu ba Libani kandi ko izo mfashanyo zigenzurwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Abo bategetsi, barimwo perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump, basavye ko haba amatohoza ataho yegamiye ku gisasu caturitse nka bombe ku kivuko c’i Beirut. Abantu bashika 158 barapfuye abandi bashika ku 6 000 bakomeretse. Abanyalibani batewe n’ishavu basavye ko haba imigumuko ikura ku butegetsi abanyepolitike babarongoye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG