Uko wahagera

ONU: Abasivile Barenga 1 300 Barishwe mu Mezi Atandatu muri RDC


Mampinga ya RDC, FARDC na Djugu, na Ituri, janvier 2020. (FARDC PP Lieutenant Jules Ngongo)
Mampinga ya RDC, FARDC na Djugu, na Ituri, janvier 2020. (FARDC PP Lieutenant Jules Ngongo)

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze ko abantu barenga 1 300 bishwe n’imirwi yitwaje ibirwanisho muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo mu mezi atandatu ya mbere y’uyu mwaka wa 2020. Bikuvye incuro zitatu ugereranije n’abishwe ico kiringo nyene mu mwaka wa 2019.

ONU ivuga ko ibice bibangamiwe kuruta ibindi ari intara za Ituri, Kivu y’ubumanuko, Tanganyika na Kivu y’uburaruko.

Ubuseruko bwa Kongo bugiye gukwiza hafi imyaka 30 burimwo umutekano muke, aho abanyagihugu bagirirwa iterabwoba n’imihari itari mike yitwaje ibirwanisho.

ONU yagabishije ko bimwe muri ivyo bitero bishobora gushirwa mu murwi vy’ivyaha bihohotera ikiremwa muntu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG