Uko wahagera

Abantu 60 Bapfuye mw'Isanganya ry'Umuriro i Beyrouth muri Libani


Abarwanya imirirobariko barazimya ivyahiye i Beyrouth muri Libani, kw'itariki ya 04/08/2020.
Abarwanya imirirobariko barazimya ivyahiye i Beyrouth muri Libani, kw'itariki ya 04/08/2020.

Abategetsi muri Libani bavuga ko abantu bashika 60 bapfuye inyuma y’iturika no kwaka rya kimwe mu bice vy’ikivuko co ku murwa mukuru Beyrouth kuri uyu wa kabiri.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Hamad Hasan, yavuze ko abandi bantu barenga 2500 bakomeretse muri iyo mpanuka yononye ibitari bike muri ico gisagara.

Umutegetsi muri Isirayeli yaciye avuga ko Isirayeli ata ruhara ifise muri ivyo vyabaye. Imigenderanire hagati ya Isirayeli na Libani ntako yifashe kubera umuhari w’iterabwoba wa Hezbollah ufise ibirindiro ku rubibe na Isirayeli.

Umushikiranganji wa mbere wa Libani yatangaje uyu munsi wa gatatu uw’ikigandaro. Nta catangajwe cateye iryo sanganya,

Perezidanse ya Amerika ivuga ko Perezida Donald Trump yamenyeshejwe ivyo vyabaye kandi babandanya gukurikirana ingene bigenda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG