Uko wahagera

Icipfuzo ca Trump co Kwegezayo Amatora Kubera COVID-19 Ciyamirijwe


Trump
Trump

Ku ncuro ya mbere mu mateka ya Reta zunze ubumwe z’Amerika, Perezida Donald Trump yavuze ko yipfuza ko amatora y’uyu mwaka yokwigizwayo kubera umugera wa corona.

Trump, akoresheje ubutumwa bwa Twitter kuri uyu wa kane, yavuze ko gutora hakoreshejwe posita bizotuma amatora yo mu 2020 aba amatora atazotanga ibiharuro nyakuri kandi azobamwo ubusuma. Yongeyeko ko kazoba ari akamaramaza kuri Amerika, ati kandi vyoba vyiza kuyigizayo gushika aho abanyamerika bazoshobora gutora neza, kandi batekaniwe.

Mw’ibwirizwa shingiro ry’Amerika, Perezida nta bubasha afise bwo kwigizayo amatora.

Ico cipfuzo ciwe canswe n’abashishingamateka bo mu mugambwe w’abarepublikani arimwo. Umushingamateka Rodney Davis, yatowe muri reta ya Illinois yavuze ko ata kwigizayo amatora y’uyu mwaka. Yagize ati: “Kongere ya Amerika ni yo ishiraho iyo taliki. Amatora azoba kw’italiki ya 3 y’ukwezi kwa cumi na kumwe, nkuko bisabwa n’amategeko.

Senateri Tom Udall, umudemokrate yatowe muri reta ya New Mexico, we yasavye abagize inama nshingamateka, sena hamwe n’abagize reta guhagurukira rimwe bakiyamiriza ico cipfuzo ca Trump.

Abategetsi mu bategura amatora, amashirahamwe aharanira agateka ka muntu hamwe n’abahinga mu vya kahise na bo baneguye ivyashikirijwe na Trump bakoresheje ubutumwa bwa Twitter.

Ibiharuro vyerekana ko Trump aza inyuma mu majwi kuri Joe Biden mu ma reta ahambaye mu gutanga amajwi menshi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG