Uko wahagera

USA Yagiriza Uburusiya Kurungika Abacangero muri Libiya


Ikibanza Uburusiya butangiramwo imyimenyerezo muri Libiya cafotowe n'igisirikare ca Amerika muri Afrika, AFRICOM
Ikibanza Uburusiya butangiramwo imyimenyerezo muri Libiya cafotowe n'igisirikare ca Amerika muri Afrika, AFRICOM

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika cagiriza Uburusiya kurungika ibirwanisho hamwe n’abacangero muri Libiya kugira bugire igihagararo muri ico gihugu co mu buraruko bwa Afrika.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika bwasohoye amafoto yerekana Uburusiya buriko buraha ikompanyi ya gisirikare y’Uburusiya y’abigenga yitwa Vagner.

Amerika ivuga kandi ko indege nini y’igisirikare c’Uburusiya itwaye indege z’intambara, ibiduga vya gisirikare hamwe n’ibindi bikoresho vyo kugenzura ikirere iheruka gushika muri Libiya.

Igisirikare ca Amerika ku mugabane wa Afrika, AFRICOM, kivuga ko iyo kompanyi Vagner ifasha abarwanya reta ya Libiya yemewe n’amakungu.

Mu ntango z’ukwezi kw’indwi, umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres yavuze ko intambara muri Libiya yageze ku rundi rugero rushasha aho abanyamahanga bariko bayivangamwo cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG