Uko wahagera

Abitwaje Inkoho Bishe Abanyagihugu 60 muri Darfur


Abategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, batangaje ko abantu barenga 60 bishwe abandi 60 nyene barakomereka mu bwicanyi bwabereye muri Sudani, mu ntara ya Darfur y’uburaruko.

Igisata ca ONU kijejwe imfashanyo, OCHA, cavuze ko abantu bitwaje inkoho bangana hafi 500 bateye igisagara ca Masteri, mu buraruko bwa Beida, muri Sudani ku muhingamo wo ku munsi wa gatandatu.

ONU yavuze ko bateye mu mihana ibamwo ubwoko bw’aba Masalit, barasahura abanyagihugu bongera baturira amazu hamwe n’isoko ry’aho.

Inyuma y’ico gitero, abanyagihugu barenga 500 bo mur’ico gisagara baciye bakora imyiyerekano basaba ko ubutegetsi bubakingira. Abo bamasalit bavuze ko batazopfuba ababo kugeza reta igize ico ikora.

Umushikiranganji wa mbere wa Sudani yavuze kuri uyu w’Imana ko igihugu ciwe kigiye kurungika intezo zijejwe umutekano mu ntara ya Darfur gukingira abanyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG