Abapolisi 13 barafuswe mu gipolisi c'Uburundi kuva kuri uyu wa gatanu bagirizwa ivyaha vyo kurya igiturire n'uguhohotera abanyagihugu.
Hari na bamwe mu bajejwe intwaro bahagaritswe muri iyo ntumbero nyene. Aba baje biyongera ku bandi bapolisi n'abajejwe intwaro bari bahagaritswe mu ndwi ishize.
Umuvugizi w'igipolisi, Pierre Nkurikiye agabisha abajejwe intwaro bose n'abapolisi bakora amakosa ko ubu atawuzosubira kugirirwa ikigongwe kandi ko uwuzofatwa azoca afutwa mu kazi imbere y'uko akurikiranwa n'ubutungane.
Nkurikiye asigura ko aba bapolisi n’abajejwe intwaro bafashwe mu mugambi wo kutihanganira abarya ibiturire n’ubugizi bwa nabi watangujwe n’umushikiranganji ajejwe umutekano n’intwaro yo hagati Jenerali Gervais Ndirakobuca.
Mu nama yagiranye mu ndwi iheze n’abakozi bakuru bakuru b’ubushikiranganji butatu aramutswa, Ndirakobuca yavuze mu majambo yiwe ko “ ata kinya azogirira abarya igiturire n’abakora ayandi mafuti” kandi ko yiteguriye kubaherekeza kugera ku rwinjiriro rw’ibohero.
Ubwo butumwa bwatanguye gutangwa na prezida Evariste Ndayishimiye umusi yakira indahiro z’abagize Reta kuwa 30 ukwezi kwa gatandatu guheze.
Ico gihe yatangaje mbere ko hagiye gushirwaho agasandagu Abarundi bazoshiramwo ibirego n’amakosa akora abayobozi kandi ko kugira ntibahohoterwe ari intumwa ziwe bwite zizokugurura utwo dusandugu.
Nkurikiye yongerako ko ubushikiranganji avugira nabwo bugabishije Abarundi muri rusangi na cane cane abajejwe intwaro bari barijajaye.
Uyu mugwi wiyongera ku wundi wabaye nk’akarorero k’ingendo y’umushikirangaji Ndirakobuca wo muri komine Kayogoro intara ya Makamba mu bumanuko bw’Uburundi. Ubwo abawugize bambura bakica Abarundi batahutse bava muri Tanzaniya gupagasa.
Abajejwe intwaro, urwaruka rwa CNDD FDD n’abapolisi bari bawugize harimwo intwazangabo batawe muri yompi ku ndwi iheze. Barafunzwe bakaba bitezwe kuburanishwa ikibiriraho.
No mu ntara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero, umwe mu bajejwe intwaro muri komine Mabayi n’imbonerakure zitanu baramaze guhagarikwa kuva ku musi wa gatatu w’iyi ndwi. Boba bagirizwa gukorana no gushira imfungurwa umugwi witwaje ibigwanisho watanye mu mitwe n’abasirikare mw’ishamba rya Kibira mw’ijoro ryo ku musi wa mbere rishira uwa kabiri.
Amakuru Ijwi ry’Amerika ariko ataremezwa n’igisirikare ni uko abasirikare babiri bahasize ubuzima, bane barakomereka.
Akatari gake, igipolisi c’Uburundi cashizwe mu majwi mu ma raporo y’amashirahamwe mpuzamakungu n’ay’Abarundi ko kiri mu nzego zimunzwe n’igiturire kandi ko bamwe mu bakigize baba mu ntwazangabo zo ku rwego rwo hejuru, izisanzwe, ibisongerezi n’abapolisi batobato bakora ivyaha vyo guhohotera, kwica no gutoteza abatavuga rumwe n’ubutegetsi canke abikekwa kubugwanya.
Ibi vyatumye umuryango w’Ubumwe bwa Bulaya na Reta zunze ubumwe za Amerika zifatira ibihano uwahoze arongoye igipolisi Alain Guillaume Bunyoni ubu asigaye ari umushikiranganji wa mbere hamwe na Ndirakobuca ubu avuga ko yafashe iya mbere mu kugwanya ukudahana.
Facebook Forum