Uko wahagera

CEDEAO Yananiwe Guhuza Mahmoud Dicko na Ibrahim B. Keita


Abakora imyiyerekano bafunze imihanda mu murwa mukuru Bamako, tariki 11/07/2020.
Abakora imyiyerekano bafunze imihanda mu murwa mukuru Bamako, tariki 11/07/2020.

Inama y'abategetsi b'ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero yari igenewe gutorera inyishu ibibazo vya politike biri muri Mali yarangiye ata masezerano ashitsweko.

Inama hagati y’abo bakuru b’ibihugu 5 vyo muri Afrika yo mu burengero yamaze amasaha atari make ku musi wa kane. Babonanye na Prezida wa Mali, Ibrahim Boubacar Keita (IBK), hamwe n’abayoboye umuhari w’abagira imyiyerekano isaba ko atanga imihoho. Ivyo biriko biba mu gihe umugumuko w’intagondwa z’abayislamu ushobora gutuma igihugu kija mu kajagari.

Yamara utwigoro tw’abo bategetsi b’ibihugu vya Nijeri, Senegal, Cote d’Ivoire, Ghana na Nijeriya ntaco twashitseko. Batangaje ko ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, mu mpfunyapfunyo rizogirisha inama ku musi wa mbere.

Mahmoud Dicko, umwe mu bayoboye umuhari w’abagira imyiyerekano yatangaje ko ata ntambwe n’imwe yashitsweko mu biganiro.

Iyo nama y’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero yabaye inyuma y’uko intumwa z’ishirahamwe CEDEAO zigerageje mu kiringo c’imisi 5 guhuza impande zitumvikana muri Mali. Yamara ico gikorwa carangiye ku musi w’Imana urangiye ata ntambwe zishitsweko.

Prezida Keita, yashitse ku butegetsi mu mwaka w’i 2013, atera aremerwa bikomeye kugira ahagarike intambara imaze igihe yatewe n’intagondwa z’abayislamu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG