Uko wahagera

Ubushinwa Bwishuye Amerika Bwugara Konsula Yayo i Chengdu


Konsula y'Amerika mu gisagara ca Chengdu mu Bushinwa. Ifoto yafashwe tariki 23/07/2020
Konsula y'Amerika mu gisagara ca Chengdu mu Bushinwa. Ifoto yafashwe tariki 23/07/2020

Ubuhinwa bwategetse Amerika kwugara konsula yabwo mu gisagara ca Chengdu. Ni mu gihe icuka kibi gitera ciyongera hagati y'ivyo bihugu bibiri.

Ubushinwa bwafashe iyo ngingo uno musi ku wa gatanu. Bwishuye ku ngingo Amerika iheruka gufata y’ukwugara konsula yabwo muri Reta ya Texas. Yatangaje ko ubwo buserukizi bwari bwahindutse ikibanza c’ugusumiramwo urusaku. Ivyo bibaye mu gihe imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri itera itosekara kurushiriza.

Ubushinwa bufashe iyo ngingo amasaha makeyi inyuma y’uko umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Mike Pompeo, atangaje ko imigambi imaze igihe kirekire y’ugukorana n’Ubushinwa ataco yashitseko.

Mw’itangazo ryabwo, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubushinwa bwamenyesheje ko ingingo yafashwe ari inyishu yari ikwiriye ku ngingo itagira insiguro yafashwe na Amerika.

Ubwo bushikiranganji bwagiriza Amerika ko ari yo yonyene iri inyuma y’imigenderanire mibi ihari muri iki gihe hagati yayo n’Ubushinwa. Busaba Amerika gusubira bidatevye ku ngingo idasobanutse yafashe igasubira gushiraho uburyo bwotuma imigenderanire n’Ubushinwa isubira kumera neza.

Yamara umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Mike Pompeo, avuga ko igihugu ciwe kitazosubira gufatira ku vyo abategetsi b’Ubushinwa bavuga, ko ah’ubwo izofatira ku kugene bazoba bigenjeje.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG