Uko wahagera

Perezida Ndayishimiye Yatangiye Ivugururwa ry'Abakozi ba Reta


Umukozi wese wa Reta mu Burundi agiye kwerekana ico ajejwe hamwe n'ibikorwa ategerezwa kurangura (cahier de charge mu gifaransa). Uwutazoshobora gushitsa ivyo yiyemeje canke asabwa azohindurirwa amabanga canke akazi.

Ibisata vyose vy'igihugu na vyo bihamagarirwa gushira mu migambi birangura ukugwanya igiturire, ukudahana ivyaha, ugusesagura itunga ry'igihugu n'uguha akazi abatabishoboye.

Ibi ni bikurubikuru vyavuye mu mwiherero w'abagize reta wari umaze imisi itatu uhagarariwe na prezida Evariste Ndayishimiye mu gisagara ca Ngozi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG