Uko wahagera

USA Izoriha Hafi Imiriyaridi 2 z'Amadolari ku Ncanco za COVID-19


Ikimenyetso c'ikompanyi Pfizer ku cicaro cayo i New York, Dec. 4, 2017.

Reta ya Amerika igiye kuzoriha umuriyaridi 1 n’imiliyoni 95 z’amadolari ku makompanyi abiri azoyiha imiliyoni 100 z’incanco za COVID-19, mu gihe vyogaragara ko urwo rucanco ari ngirakamaro.

Ikompanyi zikora imiti, iy’abanyamerika Pfizer n’iyo mu Bugadi BioNTech zavuze kuri uyu wa gatatu ko zaheraheje amasezerano n’ubushikiranganji bw'Amerika bw’amagara y’abantu hamwe n’ubwo kwivuna abansi. Izo kompanyi ziriko zikorera hamwe mu guhingura urwo rucanco.

Pfizer na BioNTech zavuze ko zifise icizere c'uko ata kigoranye incanco zingana imiliyoni 100 zizoba zimaze kuboneka imbere yuko uyu mwaka urangira.

Aya masezerano abaye mu gihe Amerika ikiri kw’isonga mu bihugu bifise abantu benshi banduye COVID-19 n’abapfuye bamaze gushika ku barenga 142 300.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG